GUKURA MU BWERANDA

Ubweranda ku buzima bw’impwemu buri ico amagara ari ku mubiri.
N’ukuvuga ko, mu bisanzwe, mur’iyi si, abizera badashobora kuba abera mu buryo bwuzuye bw’iryo jambo canke kubaho badacumura.
Yamara baguma bipfuza kubishikako, kandi uko igihe kigenda barakura mu kwizera Kandi bagahinduka.

« Mube abera mu ngeso zanyu zose.. »(1 Petero 1:15)

N’aho Imana itubona nk’abera, kubera kuba twarizeye umwana wayo Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wacu, kwezwa si ukuntu kudahinduka, ahubwo n’urugendo ruhoraho.
Ng’izi ingingo uru rugendo ruhoraho rushingiyeko kugira dukure mu butagatifu:

1. Guhunga icaha
Kugira ngo dukure mu bweranda, dutegerezwa guhora tugerageza kwirinda ivyaha vyose kandi tukamenya no kubihunga mu gihe biserutse imbere yacu.
« Ukora ivyaha ni uwa wa mugwanizi. »(1Yohana 3: 8)

2. Kwirinda kubana n’ababi
Kubana n’ababi bidukwegera mu vyaha kandi bitubuza gutera imbere mu bweranda.
Mbere n’intumwa Pawulo mw’ibaruwa rya mbere yandikiye Abakorinto avuga ko « Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. »(1 Abakorinto 15:33)

3. Gufata Imana nk’akarorero
Igipimo c’ubweranda bwacu s’ivyo abantu badukikuje bibaza, ahubwo n’uko tugerageza kwigana imico y’Imana. Dukwiriye guhora twifuza Kuba agahore.
« Mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore. »(Matayo 5:48)

4. Guteza imbere ingeso nziza
Intambara yo kurwanya ikibi ntitsindwa mu munsi umwe. Kenshi na kenshi twifuza kugera ku kwubah’Imana ako kanya, biciye mu nzira ngufi, yamara kwubaha Imana kubonekera ku kuntu twitwara no ku kuntu twihangana.
« Imigani ihumanya n’iy’ abakecuru ntuyemere. »(1 Timoteyo 4:7)

Twishimikije kur’izi ngingo zine, n’aho urutonde rutuzuye, turashobora gukura mu bweranda.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dufashe gukura mu bweranda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *