GUSABA IKIGONGWE NTIBIKWIYE, RIHA !

Bibiliya irerekana akamaro ko kukosora canke kuriha ivyo twononye n’aho twoba twasavye ikigongwe.

« Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Raba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane. »(Luka 19:8)

Uyu murongo werekana ko Zakayo, amaze guhura na Yesu, atahisemwo gusa gusaba ikigongwe kuvyo yakoze kera, ahubwo yanahisemwo no gukosora amakosa yakoze mu gusubiza incuro kane abo yagunze.
Ibi bishimangira akamaro k’ibikorwa bifatika vyo gukosora amakosa yakozwe.

Ng’utu tumwe mu turorero twerekana ko gusaba ikigongwe bidakwiye, ariko gukosora no kuriha ari ngombwa:
1.Ku kazi:
Iyo warengeje igihe ntarengwa co gushikiriza akazi wahawe, n’aho wosaba ikigongwe, ukwiriye guca utanga irindi sango rya vuba utegerezwa kuba wagaherejeko kandi ukavyubahiriza nk’uko ubivuze.
2.Mu bagenzi:
Bishitse ukavuga ikintu kibabaza abagenzi, saba ikigongwe kandi usubire aho waciye, ukibeshuze, uhindure imvugo mu ntumbero yo kugarukana icizere n’umubano mwiza mu bagenzi.
3.Mu muryango:
Hakaba hari urubanza rwo mu muryango utitavye, saba ikigongwe kandi ugire ico ukora cihuta gituma usubira kwuzura n’abandi mu muryango.
4.Mu rugo:
Agasangwa har’ico wirengagije kandi umukunzi wawe agikeneye, saba ikigongwe kandi ukore ikintu cerekana ko uvyitayeho kandi ko witeguriye guhinduka.
5.Mu bucuruzi:
Iyo bishitse ugasanga watanze ibicuruzwa bibi, saba ikigongwe ariko kandi usubize amafaranga vyari vyaguzwe canke uguranure, utange vyiza.
6.Mugihe habaye gukomeretsa:
Gusaba ikigongwe ni ngombwa cokimwe no kwihutira kwitaho uwo wakomerekeje, haba mu kumwihutisha kwa muganga, haba mu gutabaza abari hafi, haba mu kumukurikirana uko avurwa gushika azokire. Ivyo bikurikirwa n’inyifato imugaragariza ko utazosubira kubikora kubera uvyicuza.
Bitewe n’uburemere bw’imvune, canke inkurikizi mbi zabaye ku magara yiwe birashobora kuba vyiza utanga indishi z’akababaro bivanye n’ubushobozi bwawe.
7.Mu gihe habaye impfu:
N’ubwo bitoroshe gusaba ikigongwe ngo cemerwe, kubera ubuzima bw’umuntu ari amazi atemba ntibayore, utegerezwa kugaragaza ko wemera uruhara rwawe, ko wicuza kandi ko witeguriye gufasha ubutungane mu matohoza.
Ibi naho bidashobora kugarura uwapfuye, ariko vyerekana inguvu zivuye ku mutima zo kwitaho no gukurikirana ivyabaye.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe ubutwari bwo guhora twumva ko dukwiriye kwishura ivyo twononye vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’Umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *