Guhimbaza n’ikintu kiruta indirimbo.
Guhimbaza n’igikorwa c’ukwizera.
Uko urushiriza guhimbaza Imana, uko urushiriza gutangaza ko Imana iruta ibikubangamiye mu buzima bwawe, niko inkuta z’ibidashoboka zisenyuka zikagwa.
Uko urushiriza guhimbaza Imana, niko Imana ishobora guca igucira inzira aho ata nzira isa n’iyari ihari.
Na yo nyene yaravuze iti:
«Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse.»
(Yesaya 43:19)
Uko urushiriza guhimbaza Imana, iko Ishobora guca ikuja imbere kugira igwane intambara udashobora gutsinda, ikarwanya ivyokugwanije, ikabitsinda.
«Nuko bagitangura kuririmba no gutazira, Uhoraho ashirah’ abo guca igico abari baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’Abanyamowabu n’abavuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo»
(2 Ngoma 20:22)
None rero, aho kwibanda gusa ku kibazo, tangura uhimbaze Uwo afise inyishu.
Bivugane ukwizera uti:
«Ndaguhimbaza, Yesu!
Ndagutazira, Yesu!
Ni Wewe uyobora vyose.
Uriko urancira inzira!»
Bandanya kumuhimbaza—atar’uko vyose bimaze kuboneka, ariko kubera ko wizera Uwo ariko arakora, naho utarabona ivyo ariko arakora.
Muhimbaze gushika aho ukwizera kwawe kuruta ubwoba bwawe.
Mw’izina rikomeye rya Yesu. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
