«Nuko bagitangura kuririmba no gutazira, Uhoraho ashirah’ abo guca igico abari baje gutera i Buyuda, ari bo Bamoni n’Abanyamowabu n’abavuye ku musozi Seyiri, baca basubiranamwo»
(2 Ngoma 20:22)
«Ehe ngira nkore ikintu gisha: ko kigira giseruke ubu, mbega ntimuzokimenya? Nzoca inzira no mu bugaragwa, ntembeshe inzuzi ahagadutse.»
(Yesaya 43:19)
Guhimbaza Imana s’ukuririmba gusa.
Guhimbaza Imana n’igikorwa c’ukwizera.
Uko urushiriza guhimbaza Imana, uko urushiriza gutangaza ko Imana iruta ibikubangamiye mu buzima bwawe, niko inkuta z’ibidashoboka zisenyuka zikagwa.
Imana irashobora guca igucira inzira aho ata nzira isa n’iyihari.
Irashobora guca ikuja imbere kugira igwane intambara udashobora gutsinda, ikarwanya ivyari kugutsinda, ikabitsinda.
None rero, aho kwibanda gusa ku kibazo, tangura uhimbaze Uwo afise inyishu.
Bivugane ukwizera uti:
«Ndaguhimbaza, Yesu!
Ndagutazira, Yesu!
Ni Wewe uyobora vyose.
Uriko urancira inzira!»
Bandanya kumuhimbaza—atar’uko vyose bimaze kuboneka, ariko kubera ko wizera Uwo ariko arakora, naho utarabona ivyo ariko arakora.
Muhimbaze gushika aho ukwizera kwawe kuruta ubwoba bwawe.
Mw’izina rikomeye rya Yesu. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
