HINDURA IVYIYUMVIRO VYAWE !

Yesu atanguye guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu, Petero yaramwihereranye atangura kumwamira, ati « Ntibikaze, Mwami wanje, ntibize bikubeko na gato. »

Yesu ahindukirira Petero, ati:
« Herera inyuma yanje, Satani; ur’ ikintsitaza, kukw ivy’ Imana atari vyo ubabaye, ubabaye ivy’ abantu. »(Matayo 16:21-23)

Kuki Yesu yise Petero Satani?
Ni kubera ko muri ako kanya, Petero yiyumviriye nka Satani.
Kandi kwiyumvira nka Satani nico bita icaha.
Abantu benshi bibaza ko icaha arico bakora kibi, ariko sivyo.
Icaha n’ukuntu umuntu abaho, n’ikintu c’ubugingo. Nico gituma iyo Imana ishaka ko wihana, iba ishaka ko uhindura ivyiyumviro vyawe.
Kandi igihe cose uhisemwo guhindura ivyiyumviro vyawe, Imana iragushoboza kuko yanka icaha.
Utegerezwa rero kwiga kurinda umutima wawe. Kubera iki?
Ngizi impamvu zitatu:

1. Utegerezwa kurinda umutima wawe kuko ivyiyumviro vyawe bigenga ubuzima bwawe.
Imigani 4:23 hagira hati, “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, Kukw ari ho ubugingo bududubiriza. »
Ivyiyumviro vyawe bifise ubushobozi buhebuje bwo guhindura ubuzima bwawe neza canke nabi.

2. Utegerezwa kurinda umutima wawe kuko mu mutima wawe niho habera urugamba rw’icaha.
Ibigeragezo vyose bibaho mu vyiyumviro.
Pawulo avuga mu Baroma 7:22-23, ati: “Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha.”
Imwe mumpamvu zituma unanirwa mu mutwe ni kubera ko hari intambara mu bwonko bwawe amasaha 24 ku munsi.

3. Utegerezwa kurinda umutima wawe kuko n’urufunguzo rw’amahoro n’umunezero.
Ubwenge butayobowe buganisha ku mpagarara;
Ivyiyumviro biyobowe biganisha ku gutuza.
Ubwenge butayobowe buganisha ku matati;
ubwenge burinzwe buganisha ku cizere.
Ubwenge butayobowe buganisha ku kubura amahoro. (Mugihe utagerageje kugenzura ivyiyumviro vyawe n’uburyo uyobora ivyiyumviro vyawe, uzobura amahoro cane mu buzima bwawe.) Ariko ivyiyumviro vyayobowe biganisha ku nkomezi, umutekano, n’umutuzo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe ubwenge n’inkomezi vyo guhindura ivyiyumviro vyacu kubwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *