IBANGA RYO KURORANIRWA MU BUZIMA

Hariho inzira y’ubuzima itwemerera kuroranirwa mu vyo dukora vyose. Iyo nzira itangura iyo dusanze duhimbarwa n’Ijambo ry’Imana, tukarishirak’umutima ijoro n’umutaga, kandi tukayoborwa naryo.

« Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, Adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, Aticarana n’abacokoranyi. Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, Kand’ ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’ umutima ku murango no mw ijoro. »(Zaburi 1:1-2)

Iyi zaburi iduhishurira ko tugendeye ku nama z’ababi tudashobora kuroranirwa.
Abantu babi batugira inama mbi kugira ngo tunanirwe canke tuveho, tuzimangane. Bahora bafise imigambi mibi kandi bafise ishari.
Iraduhishurira kandi ko dukwiye kwirinda kugendera no kwicara aho abanyavyaha n’abacokoranyi batyoza Yesu n’abamukurikira bakunda kugendera no kwicara.
Nk’uko inzuzi, n’ibiyaga ari ahantu heza ku mafi kubera amafi ahidegemvyamwo, niko utuvyiniro, utubare n’ahandi hantu usanga abantu bafise imico ikemangwa bakunda kuboneka, ari ahantu heza cane ku vyaha, ku banyavyaha no kubakora amakosa. Dukwiye kuhirinda niba dushaka kuba abizerwa no kuroranirwa mu buzima.
Iyi zaburi iraduhishurira kandi ko duhisemwo kwizera Ijambo ry’Imana, tukarishirak’umutima ku murango no mw’ijoro, kandi tukareka tukayoborwa naryo, tuzotunganirwa kandi ico tuzokora cose kizotubera ko. Nk’uko igiti catewe hafi y’umugezi cera ivyamwa mu gihe caco, Imana izosuka imigisha yayo mu buzima bwacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora duhimbarwa n’ijambo ryawe kandi tuyoborwa na ryo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *