IBIDASHOBOKA TUBIHEBERE IMANA

Nta muntu wokwihambira ku bidashoboka, ariko Imana Yo ikorera mu bidashoboka kandi yanka gukorera mu bishoboka.
Ibishoboka, Imana irabiduhebera kandi ntidusaba gukora ibitadushobokera, kuko izi ko tudabishobora.

Umwami wacu Yesu ageze ku mva ya Lazaro, yar’amaze iminsi ine apfuye, yabwiye abigishwa biwe ati: « Ni mukureh’ iryo buye. »(Yohana 11:39)
Abigishwa biwe bamaze gukuraho iryo buye ryari imbere y’imva, Yesu asemerera n’ijwi rirenga, ati: « Lazaro, ngwino, sohoka »(Yohana 11:43)
Uwari yapfuye arasohoka, azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababgira, ati: « Ni mumuhamburure… »(Yohana 11:44)

None ni ukuber’iki Yesu yabwiye abigishwa biwe gukuraho ibuye no guhamburura Lazaro mu gihe yarashoboye gutegeka ibuye kwikuraho n’impuzu kwihamburura?
Ni kubera gusa Yesu ahebera abantu ibishoboka kugira we yishinge ibidashoboka.
Ashimangira rwose ko dukora ivyo dushoboye vyose ubwacu nawe akishinga ivyo tudashoboye gukora.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora dukora ibidushobokera vyose no kukurekera ibitadushobokera.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *