IBINTU VYOSE BIRAFISE AMATWI !

Siyanse itandukanya ibinyabuzima n’ibitari ibinyabuzima, n’ukuvuga ibintu bidashobora kwumva, kuko bidafise amatwi.
Ariko ijambo ry’Imana riduhishurira ko ikintu cose kiriho gifise amatwi.

Mu kurema Imana yaravuze iti:
« Habeho umuco » umucyo uca urabaho.(Itanguriro 1:3)
Umuco warumvise kandi warubahirije itegeko ry’Imana.
Imana yavuze kandi iti:
« Amazi yo munsi y’ijuru akoranire hamwe, I musozi na ho ni haboneke. » Biba bityo.(Itanguriro 1:9)
Amazi yarumvise kandi yubahiriza iryo tegeko.
Akandi karorero, ni Ezekiyeli yahanuriye amagufa yumye akamwumva.(Ezekiyeli 37:3-12)
Ayo magufa yarumwumvise aca akora ivyo Ezekiyeli ayategetse vyose.

Ko Ezekiyeli yavuganye n’amagufa yumye akamwumva kandi atari ari n’umwana w’Imana, twe turi abana b’Imana dufise ububasha bgo kuvugana n’ibintu vyose bibaho n’ibitarabaho,bikatwumva kuko vyose bifise amatwi.
Amafaranga, ubutunzi cokimwe n’ubukene, umunezero cokimwe n’ivyago, indwara zose cokimwe n’ugukira kwazo, ubuzima cokimwe n’urupfu, vyose birafise amatwi yo kutwumva no gukora ivyo twobitegeka gukora.
Kuberako turi abana b’Imana, turafise ububasha bwo gutegekka ibitabaho kubaho n’ibiriho kuba nk’uko dushaka ko biba.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twibuka ko ikintu cose gifise amatwi no gukoresha ububasha bgacu kugira ngo dutegeke ico dushaka kubg’icubahiro c’Imana.
Ni mu izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *