IBUKA !

Abisiraheli barabonye ubushobozi bg’Imana, mu buryo budasanzwe yabakuye muri Egiputa, bakuwe mu kuboko kwa Farawo, bagaburiwe mu bugaragwa. Mose rero ahamagarira abantu kutibagira ivyo vyose, kugira ngo ntibave ku Mana.

« Muze mwibuke ivyo Uhoraho Imana yanyu yagiriye Farawo n’igihugu cose ca Egiputa; ibigerageza bikomeye amaso yanyu yiboneye, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’ingen’ Uhoraho Imana yanyu yabakujey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye. »(Gusubira mu vyagezwe 7:18-19)

Uhoraho ashaka ko natwe twibuka ivyo yadukoreye, kugira ngo dukomeze kumwiyegereza, dukomeze kunezerwa no mu vyiyumviro vyo gushima. Kuberako, mu buzima bwacu natwe, yadukoreye ibintu vyinshi vyiza! Reka tuvyibuke.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twibuka ineza wadukoreye kugira ngo ntituzigere tukuvako.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *