IJAMBO RY’IMANA CANKE IBITANGAZA ?

Turipfuza kubona ibitangaza cane kuruta kwumva ijambo ry’Imana no kuryizera. Ariko none, hagati y’ibitangaza n’ijambo ry’Imana, ni ikihe kizodukiza?

Igihe abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo babwira Yesu bati: « Mwigisha, turagomba kuraba ikimenyetso ukora » (Matayo 12:38), yashubije ko izuka ryiwe rizoba icemezo ciza cane kuri bo.(Soma Matayo 12:38-40)

Muvy’ukuri, igitangaza c’ukuzuka kirahagije kugira ngo twemere Yesu n’uwamuzuye. Ibindi bitangaza ntaco bikwiriye guhindura ku kwemera kwacu.
Vyongeye kandi, ibitangaza vyose ntibitegerezwa kuba biva ku Mana, hariho bimwe biva kuri Satani. Kandi Yesu yarabituburiye:
« Hazokwaduka abigira Kristo n’abigira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abatoranijwe ni vyashoboka »(Matayo 24:24)

Guhagarara ku bitangaza, n’ikimenyetso nyaco cerekana ko ukwemera kwacu kudakomeye kandi ko dushobora kuyoba tukagwa mu mutego wa Satani.
Ariko duhagaze kw’ijambo ry’Imana, tuzokizwa, kuko ijambo ry’Imana ntiritwubaka canke ngo riuhumurize mu kwizera gusa, ahubwo riranarema rigakora n’ibitangaza vy’Imana mu buzima bwacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhazwa n’ijambo ryawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *