IKIGWANISHO GIKOMEYE

Dufise ikigwanisho gikomeye kurusha satani n’abadayimoni biwe. Citwa IJAMBO RY’IMANA.
Tumaze kubimenya tukagikoresha, Satani n’abadayimoni biwe baca bahunga.

Igihe Yesu yari amaze kubatizwa muri Yorodani, avuye mu mazi,ijuru ryarugurutse, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ « Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara. »(Matayo 3:17)

Abamarayika baravyumvise kandi n’abadayimoni nabo nyene baravyumvise!
Nico gituma, inyuma y’iminsi mike, Satani yagiye aza kwa Yesu aramwegera amubwira ati: « NI WABA UR’ UMWANA W’IMANA, bgira aya mabuye acike imitsima, bgira aya mabuye acike imitsima. »(Matayo 4:3)
Yesu yamwishuye ati: « VYANDITSWE ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana. »(Matayo 4:4)
Satani arasubira abwira Yesu ati: « NI WABA UR’ UMWANA W’IMANA, ikororere hasi, kuko vyanditswe, ngw Azokuragiza abamarayika biwe, Na bo bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye. »(Matayo 4:6)
Yesu yamwishuye ati: « VYONGEYE HARANDITSWE, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe. »(Matayo 4:7)

IJAMBO RY’IMANA dusanga mu vyanditswe vyera n’ikigwanisho gikomeye Satani adashobora kunanira. Niyo mpamvu dukwiriye kumenya neza ko tuzi ivyanditswe, ko dufise ijambo ry’Imana mu mitima yacu kandi ko dushobora kurikoresha kugirango dutsinde ibitero vyose vya Satani mu buzima bgacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, udufashe guhora dukoresha ijambo ryawe kugira ngo turwanye ibitero vya Satani.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *