IMANA IRADUKUNDA

N’ubwo twoba turi babi gute,
N’ubwo twoba twarakoze ivyaha vyinshi gute,
Imana iradukunda.

Kandi Imana s’Imana yo kuducira urubanza gusa,
Ni n’Imana y’urukundo,
N’Imana y’ubuntu n’imbabazi.

Ishaka kutubabarira,
Iduha ikiganza c’imbabazi,
Kubera ko idukunda.

« Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese. »(Yesaya 53:6)

Uko niko twari tumeze imbere yo gucungurwa.
N’aho bitandukanye mu buzima bwacu, ariko twese vyaradushikiye turata inzira y’Imana tuja mu nzira zacu.
Twari abanyavyaha kandi nta buryo twari dufise bwo kwicungura imbere y’Imana Yera.
Niho rero umwana w’intama w’Imana atagira icaha, atagira inenge yamanuka akava mw’ijuru nk’umuntu aza gufata igihano twari dukwiriye guhanwa.
Uko niko urupfu rwa Kristo rwatanze ikiguzi c’ivyaha vyacu vya kera, ivy’ubu, n’ivyo muri kazoza.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kwinjira no kuguma mu rukundo rwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *