« Ku kirengazuba, Aburamu itiro riramuhwikira, asinzira ubutikoma; maz’ ubgoba butewe n’umwiza w’umuzitanya buramufata. »
(Itanguriro 15:12)
Imana yari yarahaye Aburahamu amasezerano akomeye.
Yari yaramusezeraniye uruvyaro rwinshi n’umurage uzohoraho. Kugira ngo yemeze isezerano ryayo, yamusavye gutegura ikimazi.
Aburahamu yarumviye. Yarateguye ibimazi kandi yirukana ibisiga vyamanukira ku bimazi.
Hanyuma, igihe gihambaye gishitse, asinzira itiro ryinshi.
Iryo tiro ntiryatewe n’ukuruha canke ukutaba maso. Ryavuye ku Mana ubwayo.
Ijambo ry’Igiheburayo (tardemah) ryakoreshejwe ng’aha ni na ryo ryakoreshejwe igihe Imana yashira Adamu mw’itiro ryinshi imbere yo kurema Eva.
Kubera iki Imana yashize Aburahamu mw’itiro?
Kubera ko yashaka kumwereka ko iranguka ry’isezerano ritari rishingiye kuri we, ahubwo ryari rishingiye ku Mana yonyene.
Mu gihe Aburahamu yari asinziriye, Imana yariko irakora.
Mu gihe ataco yashobora gukora, Imana yariko iremeza isezerano ryayo. Aburahamu ntiyari ashoboye kugira ico yongerako, ntaco yari ashoboye kuronka ku bw’ivyo yarakoze, kandi ntaco yari ashoboye kurangura ku nguvu ziwe.
Vyose vyari bishingiye ku budahemuka bw’Imana.
Iri ni icigwa gihambaye kuri twebwe muri iki gihe.
Kenshi turagerageza gukora uko dushoboye kugira ngo dufashe Imana kurangura ivyo yadusezeraniye.
Twizigira ubwenge bwacu, imigambi yacu n’inkomezi zacu. Ariko hari ibikorwa vy’Imana birengeye kure ubushobozi bw’umuntu.
Imana iduhamagarira kuyumvira nk’uko Aburahamu yayumviye. Ariko kurangura isezerano n’igikorwa cayo.
Iyo ivyo dufise birangiye, ubuziraguhemuka bwayo bwo ntiburangira.
Iyo inkomezi zacu zigeze ku mpera, ubushobozi bwayo burabandanya gukora.
Ico Imana yavuze, irafise ubushobozi bwo kugisohoza.
Ntukitegereze rero intege nke zawe.
Ntupimishe amasezerano y’Imana ukurikije ubushobozi bwawe. Ahubwo, nurabe kuri Yo yaseyazeranye.
Imana irakora ivyo yasezeranye vyose, s’uko umuntu ashoboye, ahubwo n’uko Imana ari iyo kwizigirwa kandi idahemuka.
IGISABISHO:
Mwami, ndagushimiye ku buziraguhemuka bwawe.
Nyigisha kukwizigira cane no kuruhukira mu masezerano yawe. Ndizera ko ivyo wavuze uzobisohoza mu gihe cawe kibereye.
Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
