IMANA IRI HE ?

Iyo twizeye kandi twakiriye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza mu buzima bgacu, ubwami bw’Imana buca bwigarurira imitima yacu, Imana nayo igaca iza kwibera muri twebge, igasigara ikorera mu mitima yacu.

« kukw’Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara. »(Abafilipi 2:13)

Ni kuki none turonderera Imana ahandi kandi yibera mu mitima yacu?
N’ukutamenya, kuko Imana irikumwe natwe kandi yibera muri twebge.
Ahubwo, dukwiriye guhora tuyivugisha, tuyumviriza kandi tuyireka ikikorera ivyo ishaka mu buzima bgacu.
Nico gituma Yesu atubgira ati:
« Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebge. »(Yohana 15:4)
Ariko, no kubatemera Yesu Kristo, Imana ibagumizako ijisho kuko iguma ibarondera, kandi ibagaragariza urukundo, imbabazi n’ubuntu yifuza kubaha.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe guhora twibuka ko uri muri twebge.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *