IMANA IRUMVA UGUTAKA KWACU !

Iyo turi mu bibazo canke mu buzima bubi, dushobora kwumva umengo twatawe kandi twibagiwe n’Imana.
Ariko mu vy’ukuri soko biri. Ukuri gutandukanye n’uko twibaza canke tuvyumva.

« Kukw atagaye cank’ atanse urunuka amarushwa y’umurushwa, Kand’ atamuhishije mu nyonga hiwe: Arikw amutakambiye, yaramwumvise. »(Zaburi 22:24)

Ivyarivyo vyose Imana irumva ugutaka kwacu.
« Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, yarumviwe kubgo kuyubaha kwiwe. »(Abaheburayo 5:7)
Bisigura rero ko kwubaha Imana gusenya ibihome vyose no kwivanga kwose vyobuza Imana kwumva ugutaka kwacu.
Nivyaba ari uko bimeze, ni kuki none tutoharanira kuba abubaha Imana?

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuba abakwubaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *