IMANA MU MUBIRI W’UMUNTU !

Mu bihe vyo guhimbaza Noweli, hari abakristo bibaza ko Yesu atari azi isi mbere y’uko avuka!
Sivyo. Yari azi isi kuko ni nawe yayiremye.

Bibiliya ivuga ko:
« Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana, kand’ uwo Jambo yar’ Imana. Uwo yahoranye n’Imana ubga mbere na mbere; vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we. »(Yohana 1:1-3)

Yesu yitwa « Jambo, » kuko mw’ijambo aribwo buryo bwiza duhishurirwamwo ivyiyumviro n’imigambi vy’Imana. Iryo Jambo ryafashe irindi shusho: « ryahindutse umubiri »(umurongo wa 14).
Yesu nta tanguriro afise kuko yabayeho imbere ya vyose, yari Imana kandi ntakintu na kimwe mu vyaremwe vyose, kitaremwe na we. Yabaye Umuntu gusa kuva avutse, amaze kwihindura umubiri.
Yesu rero s’intumwa isanzwe y’Imana kandi s’umuhanuzi, ni Imana mu mubiri w’umuntu.
Iyi niyo mpamvu mw’izina ryiwe, ibitangaza vyakoretse kuva kera kandi n’ubu bigikoreka.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe kwumva ko Yesu Kristo yari Wewe ubgawe mu mubiri w’umuntu.
Ni mw’izina ridasanzwe rya Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *