IMANA NTIMEZE NKATWE !

Mwari muzi ko Yona yari yanse kuja i Nineve igihe Imana yamurungikayo, kubera ko yashaka ko Abaninevi bahanwa kandi bagakubitwa n’uburake bw’Imana?

« …namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi. »(Yona 4:2)

Mu vyukuri, Yona yarazi ko aramutse yanse kuja i Nineve kandi abantu b’Ineneve bagakomeza ububi bwabo, vyanse bikunze, Imana yategerezwa kubateza ivyago. Ariko ubuntu bw’Imana bwashaka ko bihana bakarokoka.
Ariko, n’aho Yona yashaka ko Imana ikubita Nineve ntibisigura ko Imana yategerezwa gukubita Nineve.
S’uko rero ari dusuzugura abantu bamwe bamwe ko Imana nayo ico ibasuzugura.
S’uko twanka abantu bamwe bamwe ko Imana nayo ica ibanka.
Si n’uko twifuriza abandi inabi ko Imana itegerezwa guca ibagirira nabi.
Oya, Imana ntimeze nkatwe!
Kandi igihambaye, n’uko ata muntu n’umwe ashobora guhindura umutima wayo canke kugera ku buntu bwayo ngo ahindure intumbero yabwo.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora dushaka kukwigana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *