IMANA S’IGISIZIMWE !

Abatwigishije kera baratubeshe. Batwigishije Imana nabi, bayitweretse nk’igisizimwe, nk’umwicanyi. Ariko Imana ni nziza.
Ahantu hose hari amahonero ni kubera ko Imana iba idahari.
Nta mahonero mu Mana, nta vyago bibaho mu Mana, Imana ni umuco kandi muri Yo nta mwijima uhaba na gato.

Imana ni nziza.
Impano nziza zose ziva mwijuru, ziva kuri se w’umucyo si kuri se w’umwijima.
Yesu muri Yohana 8:44 yabgiye abayuda ati:
« Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo. »
None mwumva ari nde yatanguye kwica kuva mw’itanguriro? Ni Satani, nta wundi.

Imana ni nziza.
Yatanze umwana wayo Yesu Kristo kugira ngo turindwe canke dukizwe imigambi yose ya Satani.
Yesu yaravuze ati:
« Ni jewe rembo, kand’ ushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya. Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse. »(Yohana 10:9-10)
Igisizimwe rero, ni Satani, kuko Satani niwe atikiza, yica, akiba, s’Imana yacu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora tumenya ivyiza vyawe n’ubwiza bwawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *