IMINYORORO IZOKOROKA

Herode amaze gufata Petero, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane-bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize. Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.
Ku musi Herode bgaca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bari ku rugi barinda inzu y’ibohero.
« Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka. Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand’ aramubarira, at’ Ikubirek’ umutamana wawe, unkurikire. Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi. »(Ivyakozwe n’intumwa 12:4-9)

Mu bisanzwe ntakintu cari gushobora gufasha Petero guhunga, cyangwa ngo hagire umuntu uwo ariwe wese aza kumukura mw’ibohero! Ico Herode atigeze yiyumvira ni igikorwa c’ubutabazi c’Imana.
Iminyororo yarakorotse, imiryango iruguruka Petero yisanga hanze, yibaza ko atoba ariko ararota! Ariko vyari ukuri! Imana yari ikeneye umusuku wayo kandi nta muntu n’umwe yoshobora guhagarika ubugombe bg’Imana!
Nimba nawe, muburyo ubwo aribwo bwose, hari iminyororo ikuboshe, menya ko iyo minyororo umunsi umwe izokuvako igakoroka kuko Imana ishaka ko ubohoka.
Menya ko Imana idashaka kukubona uboheye ku ngeso mbi, ku ndwara, ku madeni, ku gutotezwa canke kw’izina ribi, ku kaborerwe canke ku biyovyabwenge, ku ntege nke, n’ibindi.
Mu buryo butangaje kandi bga giturumbuka ku bantu no kuri wewe ubwawe, iminyororo izokoroka.
Gusa wizere Imana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutazigera twiheba mu bihe bigoye, ahubwo twizere.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *