INYIFATO IBABAJE MU BANA B’IMANA

Umugani w’umwana w’icangazi utugaragariza inyifato iri kubiri ibabaje dusanga mu bana b’Imana.

Uwo mugani uvuga abana babiri bakundwa na se:
Umuhererezi, mur’iyi nkuru, ariwe mwana w’icangazi, yagarutse kwa se, yari yaramutaye, yigira gusesagura ivyo se yari yaramuhaye vyose mu busambanyi.
Abonye ataco agisigaranye, « atanguye gufutana »(Luka 15:14), niho yasubira kwa se.
Imfura, abonye ukuntu umuhungu w’icangazi yakiriwe neza, n’ivyo yakoze vyose, yagize ishari arashavura, abwira se ati:
« Raba iyi myaka ingana irtya ngukorera, ntaho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje ntaho wigeze kumpa n’agasuguru, ngo nnezeranwe n’abagenzi. »(Luka 15:29)

Aba bahungu uko ari babiri berekanye inyifato iri kubiri ibabaje natwe tuzi no mu bana bamwebamwe b’Imana:
Umuhungu w’icangazi agereranywa n’abana b’Imana bakunda ubutunzi bwo mw’isi. Ubwo bwoko bw’abana b’Imana bakunda ubutunzi begera Imana gusa iyo bakenye canke bari mu bibazo.
Imfura igereranywa n’ubwoko bw’abana b’Imana batagira ubwenge, kuko batazi ko ari abaragwa b’Imana kandi ko Imana idaha abana bayo ibintu bifatika ngo ni kubera babikwiye.

Ntidukwiriye kwibanda ku bintu bifatika Imana iha abana bayo, ahubwo dukwiye kumenya ko ikintu cose Imana ifise ari icacu kandi ko iragi ryacu ari ubuzima budahera atari ibintu vyo mw’isi tuyisigamwo bikabora.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kumenya ko iragi ryacu riri mw’ijuru ritari mw’isi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *