INYUMA Y’IMIBABARO HAZA ICUBAHIRO

Wari uzi ko ukubabazwa kubanziriza icubahiro kandi kuri mu nteguro y’Imana ku buzima bwacu?

Yesu arabisobanurira babiri mu bigishwa biwe:
« Yemwe mwa mburabgenge, imitima yanyu itevye cane kwizera ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyose! Mbega Kristo ntiyar’ akwiye kubabazwa artyo ngw abone kuja mu bgiza bgiwe? »(Luka 24:25-26)

Vyari bigoye kuri abo bigishwa kwumva ko icubahiro ca Yesu cabanjirijwe n’ukubabazwa.
Yamara no mu Baheburayo 2:9 dusoma ko Yesu ari we « yambitswe ubgiza n’icubahiro nk’igitsibo, kubg’ imibabaro y’urupfu. »
Imibabaro ya Yesu yari muri nteguro y’Imana. Vyari ngombwa.

Ariko, ukwo kuri ntikuraba Yesu gusa, kuraba abana b’Imana bose.
Turifuza kwinjira mu bwami bw’Imana, ariko ntidushaka kumva ko « dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana. »(Ivyakozwe 14:22)
Kugira ngo ntidutangare, dukwiye kwumva neza ko imibabaro nayo ishobora kuba imwe mu migambi y’Imana ku buzima bwacu.
Reka tugire ubutwari kandi dukomeze kwizera.

IGISABISHO :
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kumva ko imibabaro iri muvyo wageneye ubuzima bwacu.
Ni mw’izina ry’agaciro ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *