ISANGO NI KU KIYAGA GITUKURA !

Ku kiyaga gitukura niho Imana yiheshereje icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe n’ubwo bo ubwabo batabishaka.

Imana yari yabwiye Mose iti:
« Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe. »(Kuva 14:18)
Uhoraho yagabuyemwo kubiri ikiyaga, arareka Abisiraheli barajabuka, noneho ahonyereza Abanyegiputa bariko barabakurikirana mu kiyaga hagati ahantu h’uburebure bwa metero 490.

Mwari muzi ko ubwaguke bw’ikiyaga gitukura burenze canke buri munsi ya kilometero 350? Muri iyo ntera, Abanyegiputa, n’ubwo bari bafise imikogote, ntibashobora gushikira Abisirayeli, kuko, uretse ko « Imana yabaciye ivutu »(soma Kuva 14:24), ariko kandi « yatumye amagurudumu y’imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. »(Kuva 14:25)

Farawo yari amaze igihe kinini yinangira, ariko kur’iri sango rikomeye ryabereye ku kiyaga gitukura, Farawo na Egiputa yose baratahuye ko Imana y’inzirakarengane ari Imana ikomeye.
Nico kimwe no ku bantu bose muri iki gihe, bari mu karengane, batotezwa, canke batukwa. Bamenye ko ico kibazo gifise iherezo, ku « kiyaga gitukura » aho Imana izokwiheshereza icubahiro kuri abo bose babatoteza, babafata nabi, babasuzugura, babatuka n’ababaseka.
Turindire iryo sango ryo ku kiyaga gitukura!

IGISABISHO :
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe gukomeza ubutwari mu mibabaro mu gihe turindiriye gushika ku « kiyaga gitukura » cacu, aho uzokwiheshereza icubahiro.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *