ISHARI NI RIBI

Iyo umuntu ababazwa n’uko abandi batunze kandi batunganiwe, bateye imbere, bafise amahoro, bamerewe neza, bakunzwe, canke har’ico bamurushije, aba ari umunyeshari.

Ishari niryo ryatumye Gahini yica murumuna wiwe Abeli.(Soma Itanguriro 4:1-8)
Ishari ry’abavandimwe ba Yozefu niryo ryatumye bategura umugambi wo kumwica.(Soma Itanguriro 37:11)
Ishari Rasheli yari afitiye umuvukanyi wiwe Leya, akaba na mukeba wiwe niryo ryatumye Yakobo agira urugo rubi rutagira amahoro n’umunezero.(Soma Itanguriro 30:1)
Abayahudi bari bafitiye ishari intumwa kubera zakora ibitangaza kandi zikazana abantu benshi kuri Kristo.(Soma Ivyakozwe 5:17-18)
Intunwa Paulo yasanze ahubwo ishari ari naryo ryabaye inkomoko y’amacakubiri n’ugutongana mu bakristo b’i Korinto:
« Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? »(1 Ab’ I Korinto 3:3)
Uburorero ni bwinshi.

Ishari, ni ribi, riragatsindwa.
Kandi, nta handi riva atari kuri Satani.
Imana iriturinde kandi irirandurane n’imizi mu mitima ririmwo.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turinde ishari kandi wongere urirandurane n’imizi mu mitima ririmwo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *