IVYAHA N’INKURIKIZI ZAVYO

Mbega war’uzi ko kubabarirwa ivyaha bidahanagura inkurikizi zavyo?

Dawidi yishura Natani, ati « Nacumuye k’Uhoraho. » Natani aramwishura, ati « Noneho Uhoraho yagukuyekw icaha cawe, ntugipfuye. Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa. »(2 Samweli 12:13-14)

N’aho Dawidi yari yababariwe ivyaha vyiwe, umwana wiwe yategerezwa gupfa!
Kubabarirwa n’Imana ntibikuraho inkurikizi z’ivyaha vyacu. Haba kakiri inkurikizi ziturindiriye.
Niwaba warishe, warivye, warafashe ku nguvu canke warakoze ibindi vyaha ivyo ari vyo vyose, IMANA izokubabarira niwihana, ariko ntizobuza Ubutungane kugucira urubanza.
Niwasambana, IMANA izokubabarira ariko ntizokubuza kwandura indwara zandura biciye mu bihimba vy’irindoka.
Niwagirira nabi abandi, IMANA izokubabarira, ariko ntizobuza abo wahohoteye kukwihora.
Uburorero ni bginshi, ariko ntitwokwirengagiza ko vyose bishoboka ku buntu bg’Imana.
Gusa, ni vyiza ko tumenya ko ivyaha vyacu bifise inkurikizi zidafise aho zihuriye n’imbabazi z’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora twirinda icaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *