IVYAMWA VYA MPWEMU YERA

Umwe mu migambi yambere ya Mpwemu Yera iyo ageze mu buzima bw’umukristo ni ukumuhindura.
« ivyo Mpwemu yama n’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ingeso nziza, kuba umwizigirwa, ubugwaneza, ukwirinda. »(Abagalatiya 5:22-23)
Ivyamwa vya Mpwemu n’ivyo Imana ishaka kubona bigaragara mu buzima bwacu, kandi tubifashijwemo na Mpwemu Yera.

1. Urukundo:
Mpwemu Yera ni we asuka urukundo mu mitima yacu (Abaroma 5:5).
Niwe gutungana k’ubugingo bgacu, kuko aduhuza n’Imana, n’abagenzi bacu.
2. Umunezero (mu Mana):
Ni inyifato y’ubugingo, aho tunezerezwa gutungana kwose kw’Imana n’ivyiza vyose tuzi ikorera abandi, n’ivyo idukorera.
Tunezererwe mu Mukama (Abafilipi 4: 4).
3. Amahoro (y’Imana):
N’umututekano w’ubugingo, utuma tugira amahoro ubwacu, ku bushobozi aduha hejuru y’ubugombe bubangamira ubugingo bwacu. Amahoro y’Imana ni meza, aruta vyose.
4. Ukwihangana:
N’impano ituma twihanganira n’ubutwari ibibi vyose vy’ubuzima, n’ubwo vyoba bikomeye kandi ari birebire.
5. Kugira neza:
N’ubwiza bw’ubugingo, butuyobora guhora dukora igikwiye. Bituma twitondera kandi neza mu bikorwa vyacu vyose, dushiramwo umwete kandi twubaha Imana mu kugirira neza abandi.
6. Ingeso nziza:
N’imyitwarire myiza y’ubugingo ituganisha kugirira neza bagenzi bacu, ituma twumva akababaro kabo n’isoni zabo, kandi idusaba gushaka uburyo bwo kubafasha.
7. Kuba umwizigirwa:
Kugizwe n’ubudahemuka, nta kwizerana, nta bihangano, ku masezerano yasezeranijwe. Uwu muco niwo shingiro ry’umubano.
8. Ubugwaneza:
Iyi ngeso nziza idusunikira kwitaho abavandimwe bacu, kubabarana n’ububabare bwabo, nkaho ari amahano yacu bwite, kugirango tubafashe vuba, uko biri mu bubasha bwacu.(Ivyakozwe 10:38)
9. Ukwirinda:
Ni kamere nziza, ituma turwanya kwikwegera ivyifuzo vy’umubiri n’ivya kamere.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kwama ivyamwa vyose vya Mpwemu Yera kubw’icubahiro cawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *