IVYIZA BIR’IMBERE !

N’ibisanzwe cane kwicuza ivyo wasize inyuma iyo utazi ibikurindiriye aho ugiye.
Nico gituma Yosefu yagerageje guhumuriza abo bavukana igihe yabatuma kuja i Kanani kuzana abavyeyi babo muri Egiputa.

Yababwiye ati:
« Kandi ntibababazwe n’ibintu vyabo: kukw ivyiza-vyiza vyo mur’ iki gihugu cose ca Egiputa bizoba ivyabo. »(Itanguriro 45:20)

Nta mpamvu rero yo kubabazwa n’ivyo dusize inyuma mu nzira y’ubuzima, kuko Imana ifise ivyiza idutegekanirije ejo muri kazoza, IMBERE, mu rugendo rw’ubuzima.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora tukwizeye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *