IZINA RIDASANZWE RYA YESU

Nihaba hari izina ryuzuyemwo insiguro, n’izina rya Yesu.
Ivyanditswe bivuga ko Yesu yahawe izina ridasanzwe:
 » Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro. »(Ab’i Filipi 2:9-11)

Izina Yesu risigur’iki?
Izina rya Yesu, ryabwiwe Yozefu na Mariya n’abamarayika (Matayo 1.21; Luka 1.31), rikomoka mu kigereki ca kera Ἰησοῦς, Iēsoûs, ubwaryo rikomoka kw’izina rya kera ry’igiheburayo ישוע, Iéshua cyangwa Yeshua (kandi rifise imizi imwe n’iya Yozuwe).
Iryo jambo naryo risigura “Imana ikiza” canke “Imana irokora ».

Kuki izina ry’Umwami wacu rifise inkomezi?

1. Agakiza kari mw’izina rya Yesu wenyene:
“Uwo ni we buye mwebge abubatsi mwatituye, kandi ryahindutse irigumya imfuruka. Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo.”(Ivyakozwe n’Intumwa 4:11-12; raba na Yohana 14: 6; 20:31; Ivyakozwe 2:21; Yoweli 2:32; 1 Ab’i Korinto 6:11; 1Yohana 2:12)

2. Kubabarirwa ivyaha vyakiriwe mw’izina rya Yesu:
“Abavugishwa n’Imana bose bamushingiye intahe, bavuga yuk’ umwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.”(Ivyakozwe n’Intumwa 10:43; raba na 22:16)

3. Abizera barabatizwa mw’izina rya Yesu:
“Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.”(Ivyakozwe n’Intumwa 2:38; raba na Matayo 28:19; Ivyakozwe 8: 12,15-16; 10:48; 19: 5)

4. Gukiza n’ibitangaza vyakozwe mw’izina rya Yesu:
“Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.”(Ivyakozwe n’Intumwa 3:16; raba n’imirongo ya 6-8 na 4:30)

5. Kandi na Yesu yigisha abizera gusenga mu izina rye; ni ukuvuga, gusenga, mu bubasha bwiwe, ubwoko bw’amasengesho yasenga:
“Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana. Ni mwagira ico musaba mw izina ryanje, nzogikora.”(Yohana 14:13-14; reba na 15:16; 16: 23-24)

Muri Bibiliya, iyo abantu bavuga canke bagakora mw’izina rya Yesu, babikora nk’abahagarariye Umwami n’ububasha bwiwe. Ubuzima bw’umwizera ubwabwo bukwiriye kubaho mw’izina rya Yesu (Ab’i Kolosayi 3:17) kandi n’ukubikora bihesha Imana icubahiro: “Ni co gituma tubasengera imisi yose, ngw Imana yacu ibemere ko mumeze nk’uko bibereye ihamagarwa ryanyu, kand’ ishikishe ubushobozi ico munezererwa ciza cose n’igikorwa canyu cose kiva ku kwizera: kugira ngw izina ry’Umwami wacu Yesu rishimagizwe muri mwebge, namwe mushimagizwe muri we, nk’uk’ ubuntu bg’Imana yacu n’ubg’ Umwami Yesu Kristo buri.”(2 Ab’i Tesalonike 1:11-12)
Izina rya Yesu rirahambaye.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe inkomezi zo kubaho mw’izina rya Yesu.
Ni mw’izina ry’agaciro ry’umwana wawe Yesu Kristo nyene tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *