KOMEZA GUSENGA, NTURAMBIRWE

Yesu yaciriye abigishwa biwe umugani, kugira ngo abumvishe ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe.

Yavuze ati: Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu. Mur’ ico gisagara har’ umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramubarira, ati Ncira urubanza runkiza umwansi wanje.
Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati « Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu, ariko kuk’ uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza. »(Luka 18:4-5)
Kand’ Umwami Yesu aravuga, ati « Ni mwumve ivyo uyo mucamanza agabitanya yavuze. None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya? »(Luka 18:7)

Kwihangana mu masengesho biragoye cane. Uretse ko tudahora muvyo gusenga buri gihe, ariko turadehukirwa iyo igihe kibaye kirekire tutabona ibisubizo ku masengesho yacu.
Ariko, Imana ntihemuka. Irasubiza amasengesho y’abana bayo, n’ubwo batabibona vuba nk’uko bavyifuza.
Ubushobozi bwo kurindira ni igice co gukura mu mpwemu, kandi nivyo Imana idushakako.
Reka rero dusenge ijoro n’umutaga, kandi dukomeze kwihangana, kuko, burya mu gusenga, Imana iraduhindura mw’ishusho rya Kristo.
Kandi noneho, muvy’ukuri, « kuba uwa kristo udasenga ntibishoboka nko kubaho udahema! »
Amasengesho ategerezwa guhinduka nk’uguhema kwacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dushoboze guhora tugusenga tutarambirwa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *