KUBA ABANA B’IMANA

Nk’uko kuja mu gihugu c’abanyamahanga, ukamenya no kuvuga ururimi rwaho bitaduhindura abenegihugu b’ico gihugu, niko no kuja mu rusengero, tukamenya no gusoma Bibiliya bidatuma twitwa abana b’Imana.
Erega na Satani n’abadayimoni biwe baraja mu rusengero kandi barazi imirongo yose ya Bibiliya, yamara ntibashobora guhinduka abana b’Imana.

Kugira twitwe abana b’Imana, dutegerezwa kubanza kwakira Yesu mu buzima bwacu, tukamwemera nk’Umwami n’Umukiza wacu.
Bibiliya ivuga ko « abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana, ni bo bizeye izina ryiwe. »(Yohana 1:12)
Iyo rero tumaze kwemerwa nk’abana b’Imana, tuba tubaye abaragwa bayo, cokimwe na Yesu. Bisigura ko ivyo Imana itunze vyose tuba tubifiseko uburenganzira hamwe na Yesu.
Bibiliya ivuga iti:
« Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhanwa ubgiza na we. »(Abaroma:8:17)

None WEWE woba warakiriye YESU nk’umwami n’umukiza wawe?
Niwaba utarabikora, bikore uno munsi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kuba abana bawe baguhimbara.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *