KUBA UMUNYENKOMEZI !

Umuntu wese aca mu bihe vyose, ivyiza n’ibibi, ari kumwe na Yesu, aba ari umuntu w’umunyenkomezi.

« Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose natiwe ibanga ryo mu vyo guhaga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena. Nshobozwa vyose n’umpa inkomezi. »(Ab’i Filipi 4:12-13)

Muvy’ukuri, muri ivyo bihe vyose, ni Yesu, ari muri twebge, ari kumwe natwe, adukomeza kandi akadufasha kubicamwo nk’intwari.

Bamwe, iyo badashoboye kwihanganira ugucishwa bugufi, ugusonza canke ugukena, baca badukana ingeso mbi, bakaja mu binyoma, mu busuma, mu busambanyi no mu bindi vyaha.
Abandi, iyo bari mu murengera, bafise ibibahaza, baca bagira ubgirasi, ubgibone, bagasuzugura abandi n’Imana.
Ariko abagumana na Yesu bagacana muri ivyo bihe vyose, baba abanyenkomezi kuko Yesu abaha inkomezi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guca mu bihe vyose turi kumwe na Yesu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *