KUMENYA IMANA

Twese turakeneye kumenya Imana yacu, ibiyihimbara, ivyo yanka n’uburyo ikora.

Yavuze iti: « Uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara », ni jewe Uhoraho mbivuze.(Yeremiya 9:24)

Ntampamvu dufise yo kwirata (1 Ab’i Korinto 1:29) kuko ntaco turi tutagizwe n’Imana kandi nta kintu na kimwe dufise tutahawe n’Imana.
Gusa ikintu umukristo ashobora kwirata n’ukumenya Imana.
Nimba dutahura ko Imana ari Uhoraho, akunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi, turashobora kuvuga ko tuzi Imana.
Nimba dutahura ubuntu n’imbabazi vy’Imana, ntidushobora kureka gukunda Imana n’umutima wacu wose.
Nimba kandi dutahura ubutungane n’ubugirorotsi vyayo mw’isi, ntidushobora kureka kwanka ikibi no kugihunga.
Noneho, kwanga no guhunga ikibi nivyo Bibiliya yita kugira ubgenge, gutahura no kujijuka (soma Yobu 28:28), kandi muvy’ukuri nivyo kumenya Imana nyavyo.
Woba uzi Imana?

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kukumenya kuruta mbere.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *