KUNDA BOSE ARIKO WIZIGIRE IMANA GUSA !

Ijambo ry’Imana nk’uko twarihawe n’umuhanuzi Mika ritugira inama yo gukunda abantu bose ariko ntituzigere twizigira umuntu:
« Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana. »(Mika 7:5)

N’ubwo gukunda abantu bose ari itegeko riva ku Mana, ntidutegerezwa kwizera incuti zacu, kuko ukwizigira kugenewe Imana yonyene.
Muvy’ukuri, abo twizigiye nabo bizigira abandi kandi bababwira amabanga tuba twababwiye.
Vyongeye kandi, tumenye ko umuntu wese ari incuti uyu munsi ashobora guhinduka umwansi ejo agakoresha amabanga yacu kugira ngo adusenye canke atubuze gushika kuco twifuza mu buzima bwacu.
Imana yonyene niyo iguma ari incuti yacu kandi ni nayo dukwiye kwizigira yonyene.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazosubira kwizigira umuntu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *