KURINDIRA INYISHU Y’IMANA

Umwami wacu Yesu yatubwiye ati:
« Musabe, muzohabga; murondere, muzoronka; muramutse, muzokwugururirwa… »(Matayo 7:7-8).
Ariko, n’aho ibisabisho vyacu bigaragaza ukutihangana kwacu, dukwiriye gushobora kurindira mu kwizera inyishu ku bisabisho vyacu.

Ng’ubu uburyo butandatu bwo kurindira kwumva Imana inyishu y’Imana:

1. Kuguma dusenga:
Ijambo ry’Imana rigira riti:
« Abakwiteze nta wuzomaramara… »(Zaburi 25:3)
Dukwiriye kwihangana mu masengesho gushika igihe Imana izodusubiriza.

2. Kwisuzuma ubwacu:
Dukwiriye kwisuzuma no kwatura icaha ico arico cose gishobora kuzibira inyishu y’Imana. Uko niko duhuza neza imigambi yacu n’imigambi y’Imana.

3. Kwirinda gusamara:
Kugira ngo ntitwitandukanye n’ubugombe bw’Imana, dukwiriye guhuza n’ijambo ry’Imana kandi tukerekeza ivyiyumviro vyacu « kuvy’ ukuri vyose, kuvyo kwubahwa vyose, ku bigororotse vyose, ku bitanduye vyose, kuvy’ igikundiro vyose, ku bishimwa vyose, ku ingeso nziza, no ku gushimwa. »(Philip 4:8)

4. Kuba maso:
Kwitonda no kuba maso bidufasha gushobora kubona canke kumenya, mu bidukikije, biciye mu bihe, mu biganiro no mu guhurirana, inyishu y’Imana iyo ije.

5. Kubandanya kwizigira Imana:
Dukwiriye kubandanya kwizigira Imana n’ubwo twoba duhuye n’ibihe bibi vyotuma twihebura.

6. Kubandanya mu buryo Imana itwereka:
Ntampamvu dufise yo kurera amaboko no guhagarika gutera imbere mu buryo Imana yemera. Dukwiriye kubandanya inzira yacu, twizeye ko Imana izoyobora intambwe zacu uko tugenda.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kumenya uko turindira inyishu ku bisabisho vyacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *