MBEGA HAR’ IKINANIRA UHORAHO ?

Igihe Uhoraho yavuga ko Sara ko azovyara umwana w’umuhungu, Sara yaravyumvise bimugora kwumva kuko yari yaraciye kandi ageze muzabukuru.
Ico gihe niho Uhoraho Imana yavuga ati:
« Mbega har’ ikinanira Uhoraho? Igihe gishinzwe, umwaka ugeze ah’ uyu ugeze, nzogaruka i wawe Sara yavyaye umuhungu. »(Itanguriro 18:14)

Nawe, nimba abaganga barakubwiye ko uri ingumba, ko utazovyara, barakubeshe, kuko nta kintu kinanira Uhoraho. Imana irashobora kuguha abana nk’uko yabahaye Sara n’abandi.

Nimba abaganga barakubwiye ko indwara yawe idakira, barakubeshe, kuko nta kintu kinanira Uhoraho. Imana yogukiza nk’uko yakijije abandi barwayi n’abamugaye.

Nimba Sentare nkuru yaguciriye umunyororo wo guherayo, ntuce wibaza ngo utegerezwa kuzogwa mu munyororo, kuko nta kintu kinanira Uhoraho. Imana irashobora kugukura muri uwo munyororo mu buryo butangaje.

Ikintu cose umuntu yibaza ko kidashoboka mu bgenge bgiwe kirashoboka imbere y’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kwizera ubushobozi bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *