MBEGA N’IMANA YOGUSHINGIRA INTAHE ?

Satani amaze gukwiragira mw isi no kuyigendagendamwo, Imana yaramubajije iti:
« Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi? »(Yobu 1:8)

Iki kibazo Imana yabajije Satani cerekana ko Imana ihimbarwa na Yobu kandi ko imushingira intahe nziza.
Niba Imana, yo ibona mu mutima, ahinyegeje h’umuntu, ishobora gushingira intahe umuntu, n’ukuvuga ko uwo muntu aba ari mwiza Koko.
None tweho dufise intahe imeze gute?
Ubwo natwe Imana itwitegereje, isanga turi abantu batunganye b’abagororotsi nka Yobu?
N’ukuri, n’icubahiro gikomeye ku muntu uwariwe wese kubonwa n’Imana nk’umuntu atunganye w’umugororotsi.
Reka rero natwe duharanire kuyihimbara gushika aho inezerezwa n’uko turi abana bayo beza.

IGISABISHO :
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kuba abana baguhimbara.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *