MBEGA UKORESHA GUTE IGIHE CAWE ?

Ntidushobora gukoresha igihe cacu neza nitwaba tutazi ko igihe ari ic’Imana.

Bibiliya itubwira ko:
« Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’ igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco. »(Umusiguzi 3:1)

Imana niyo yashizeho ibihe kandi ni Yo ubwayo nyenevyo. Iyo rero iduhaye umwanya, n’ukugira ngo tuwukoreshe neza, mu nyungu zayo no kubw’icubahiro cayo.
Igihe rero tumara ducumura, dutegura ibibi, canke tubikora kiba ari igihe dutakaje.
Kubera ko tutazi igihe tumara kw’isi, twari dukwiye gukoresha igihe cose Imana iduha mu gukora ibiyihimbara.
Buri gitondo dukwiye guhora dusaba Imana idufashe gukoresha neza umunsi wacu.
Ku murango, dukwiye kuraba neza ko igikorwa cose cacu kigira uruhare mu guhesha Imana icubahiro.
Kandi Ku mugoroba naho, dukwiriye guhora twisuzuma, tukarabo uburyo twakoresheje igihe cacu, n’umwanya twahaye ibihesha Imana icubahiro.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe guhora dukoresha neza umwanya uduha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎️: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *