MU BUGARARWA BG’I BERI-SHEBA

Hagari n’umuhungu wiwe Ishimayeli bisanze mu butayu bwa Berisheba inyuma yo kwirukanwa na Aburahamu.
Barabuze amazi, gushika n’aho Ishimayeli yar’agiye gupfa yishwe n’inyota.
Noneho, Hagari aragenda, yicara amutumbereye amwitanguye, nk’ahoraswa umwampi; kuko yari yibgiye, ati Noye kuraba ipfa ry’umwana wanje. Nuko yicara amutumbereye, araturika ararira.

Akigenda kugira ngo ntabone umuhungu wiwe apfa, umumarayika w’Imana aramuhamagara amubgira ko Imana yumvise ijwi ry’umwana wiwe.

Hanyuma, « Imana ihumura amaso yiwe, abona iriba ry’amazi; aragenda, yuzuza wa mukuza amazi, aramiza uwo muhungu. »(Itanguriro 21:19) Nguko uko ubuzima bwabo bwarokotse.

Iyi nkuru uko yanditswe, ntisobanura neza nimba iryo riba ryabonwe na Hagari ryari ryarigeze kubaho cangwa nimba ryaciye rikorwa mu buryo bw’igitangaza n’Imana muri ako kanya.
Iki gice kivuga gusa uburyo Hagari, amaze kuyerera mu bugararwa hamwe n’umuhungu wiwe Ishmaeli, yisanze adafise amazi mu mukuza, kandi yihebuye, ababajwe n’uko umuhungu wiwe agira apfe.
Niho rero Imana yumva ijwi ry’umwana ikaringika umumarayika guhumuriza Hagari no guhumura amaso yiwe kugira abone iriba ry’amazi.

Nimba iryo riba ryabonwe na Hagari ryarigeze kubaho ariko Hagari akaba atari yaribonye, bigatuma yihebura gushika igihe Imana imuyoboye ikarimwereka, ni inyigisho n’ikimenyetso cerekana ko mu gihe c’ibibazo, Imana ishobora guhumura amaso yacu, igakangura ubgenge bgacu n’ivyiyumviro vyacu kugira ngo, twebge ubgacu, twitorere ibisubizo bisanzwe biriho hafi yacu, n’inzira zo kubivamwo neza.

Nimba kandi iri riba ryarakozwe mu buryo bw’igitangaza n’Imana muri ico gihe nyaco co gukiza Hagari na Ishimayeli, navyo, nyene n’inyigisho n’ikimenyetso kigaragaza ko mu gihe dusanze duhuye n’ibibazo bitadushobokera, Imana yo irashobora kudutabara mu buryo bg’igitangaza kugira ngo idukize.

Ivyo ari vyo vyose, iki gice kiratwigisha ko aboba mur’iki gihe bihebuye nka Hagari mu butayu bwa Beri-sheba, bafise uburenganzira bgo kwizera no kwizigira Imana, kuko ari Inyembabazi kandi idashobora na rimwe kuduheba igihe abandi baduhevye bakatwirukana.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kutazigera duta ukwizera muri wewe no kwiheba mu gihe turi mu bibazo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *