MUVY’UKURI WARAHISEMWO YESU ?

Kuba abakristo babatijwe mu mazi menshi, vyonyene ntibikwiriye. Dutegerezwa guca duheba ibintu bimwe bimwe kugira dukurikire Yesu vyuzuye, tugende kubw’ukwizera kandi tuyoborwe na Mpwemu yera.

Intumwa Pawulo yashoboye guheba ibikorwa vyo mu mwijima yahora arimwo mu bihe vya kera, arabishingira intahe. Avuga ati:
« Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo. »(Abafilipi 3:7)

Muvy’ukuri, igihe cose tutaraheba ibikorwa vyo mu mwijima, igihe cose tucihanbiriye ku vyiza vy’isi, kandi igihe cose tuzoguma turi abaja b’icaha, ntidukwiye kwubahuka kuvuga ko twahisemwo Yesu.
Dutegerezwa gutera intambwe, tukareka tukemera kuja aho Umwami Yesu atuyobora.

None wewe wahevye iki kubga Yesu?

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi zo guheba ibintu vyose bitubuza gukurikira umwana wawe Yesu Kristo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *