N’AHO BITEVYE, IHANGANE UBIRORERE

«Naho vyotebagana, ubirorere, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.» (Habakuki 2:3)

Nta kintu kigora nk’ukurorera ko isezerano ry’Imana rishika.

Hari amasezerano Imana ishitsa mu misi mikeyi, ayandi mu mezi menshi, ayandi na yo inyuma y’imyaka myinshi.
Ikigorana s’isezerano ubwaryo, ahubwo ni igihe co kurorera.

Ariko Imana ntibesha. Ijambo ryayo rivuga riti:
«Naho vyotebagana, ubirorere, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.» (Habakuki 2:3)

Muri ico gihe co kurorera, abantu benshi bakora ikosa ryo kugerageza gufasha Imana.

Aburahamu na Sara, kubera ukutihangana, baciye baha Hagari Aburahamu kugira ngo isezerano ry’Imana rishitswe n’inguvu z’umuntu.
Ivyo vyavyaye Ishimayeli, maze bikurikirwa n’imibabaro myinshi, kandi Imana yari yaramaze kugena igihe Izahaki azovukira (Itanguriro 16).

Abandi na bo bacika intege kubera uguteba kw’isezerano, bagata ukwizera bakazimira. Abisirayeli, igihe bari mu bugaragwa, baridoga kenshi ku Mana kandi bipfuza gusubira mu Misiri, bibagira ko Imana yari iriko irabayobora ibajana mu Gihugu c’Isezerano (Kuvayo 16:2-3; Guharūra 14:1-4).

Ariko umuntu w’impwemu we akora ukundi.

Arazi kurorera afise ukwizera, ukwizigira Imana no gusenga adacogora.
Arazi ko atar’uko ata kintu abona ko Imana yoba ata co iriko irakora.

Mu gihe urindiriye isezerano ry’Imana, Imana iba iriko irakorera mu mpisho.
Iba iriko iratunganya ibihe, ivyerekezo, irugurura imiryango ikwiye, ikuraho inzitizi kandi ishira hamwe ibintu vyose bikenewe kugira ngo isezerano ryayo rishike.

Ariko ikiruta vyose, Imana iba iriko iraguhindura.
Iba iriko irubaka kamere yawe, ikomeza ukwizera kwawe, ikwigisha ukwihangana kandi igutegurira kwakira umugisha yaguteguriye. Kuko amasezerano akomeye akenera ugutegurwa gukomeye.

Ntucike intege rero igihe ubona ijuru risa n’iryacecetse. Guceceka kw’Imana s’ukutakubako kwayo. Igihe cayo nticigera gihusha.

Ihangane.
Bandanya wizera, usenga kandi wizigira Imana.

N’aho isezerano ryoboneka nk’iritevye, rizoshika ata kabuza, kuko Imana ihora ari iyo kwizigirwa kandi ishitsa Ijambo ryayo.

IGISABISHO:
Data wo mw’ijuru, mpa ukwihangana kugira ngo ndorerane amahoro ntidodomba, umpē ukwizera kudakekeranya n’inkomezi zo kuguma nkwizigiye gushika isezerano ryawe rishitse.
Ntunyemerere ko ndagutanga imbere, ahubwo umfashe kugendera mu kwizera igihe cawe gitunganye.
Ndabisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.

Shalom!

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *