NDABIRAMBIWE !

Woba warigeze uca mu bihe bigoye ku buryo wageze aho uvuga uti: « Ndabirambiwe! »?

Ibihe nk’ivyo, n’ibihe Imana yemera ko duca mu bintu bigoye, n’ibihe Imana iducisha mu bintu bisa nk’ibidashoboka.
Ico gihe, « Ndabirambiwe » n’ijambo riza mu vyiyumviro vyacu.

Na Aburahamu yoba yaribgiye ati « Ndabirambiwe » kenshi mu buzima bgiwe.

Vyari bigoye kwumva, igihe Imana yamubgira kuva mu gihugu ciwe, agasiga umuryango wiwe ndetse n’iragi ry’iwabo.
Vyari bigoye cane kurindira igihe yamaze cose kugira ngo abone amasezerano yasohoye.
Ashobora no kuba yariyumviriye kenshi ati « Ndashaje cane », « biratevye », « Narakoze amakosa menshi »…
Ntivyari vyoroshe igihe vyaba ngombga ko Aburahamu abgira mwishywa wiwe Loti ko bakwiriye gutandukana.
Inyuma y’ivyo vyose « vyari bigoye », Aburamu amaze gutandukana na Loti, Uhoraho yaramubgiye ati:
“Unamura amaso yawe, uhere ah’ uhagaze aho, witegereze i buraruko n’i bumanuko n’i burasirazuba n’i burengerazuba: iki gihugu cose ubonye ni wewe nzogiha, n’uruvyaro rwawe, gushitsa ibihe vyose. Kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi…”(Itanguriro 13:14-18)

Ivyari « bigoye » kuri Aburahamu na Loti siko vyari biri ku Mana.
Kandi ivyo twita « ibigoye » canke « ibidashoboka » ntibiba bigoye canke bidashoboka ku Mana, kuko nta kintu kigoye canke kidashoboka ku Mana.
Iyo dutanguye kwumva ko « bigoye », ko « tubirambiwe », iyo tubonye ko turi kw’iherezo ry’inkomezi zacu n’ivyizigiro vyacu, ico gihe niho Imana iba igira itangure kwigaragaza mu kuvyura amasezerano yayo, mu kutwongerera ivyizigiro vyacu, kandi niho haba hageze ko igaragaza inkomezi zayo n’ubuntu bgayo mu buzima bgacu.
Nta mpamvu rero dufise yo gucika intege canke kwihebura mu buzima. Inyuma ya « Ndabirambiwe » canke ya « birananiye » Imana ifise imigisha idutegekanyirije.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazigera twihebura mu buzima no gukomeza kukwizigira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *