NDI MU BANTU BADAKANGWA NA SATANI, WEHO ?

Ijambo ry’Imana riduhamagarira kwama tugavye kugira duhangane na Satani.

« Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa. »(1 Petero 5:8)

Ariko, Satani ntapfa gutumbera umuntu gusa kugira amwibe ubuzima, amahoro canke umuryango. Ntashobora gupfa kwinjira mu buzima bw’umuntu ngo amutere indwara n’urupfu.
Iyaba Satani yarabishoboye, ntiyorinze kugendagenda irya n’ino, yivuga nk’intambge arondera uwo arotsa, ahubwo yoca atarukira kuwo ashaka kurotsa!
Ko agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa, bisigura ko hariho abantu adashobora kurotsa.

Abantu adashobora kurotsa n’abantu badakangwa n’uko yivuga, n’abantu banse guterwa ubgoba n’ivyo akora kugira abakange, kuko bazi ko Intare nyayo, Intare yo mu muryango wa Yuda, Yesu Kristo (soma Ivyahishuwe 5:5), yamaze kuza kunaniza uwari afise inkomezi z’urupfu.(Soma mu Baheburayo 2:14).
Bazi ko Satani ataco ashobora kubagira kuko Intare yo mu muryango wa Yuda ibabamwo kandi iruta satani ari mw’isi (raba 1Yohana 4: 4).

Mugenzi, Intare yo mu muryango wa Yuda iri kumwe nawe, iri muri wewe.
Yaguhaye uburenganzira, ubutware n’inkomezi.
Yagucunguye n’amaraso yiwe.
Kubw’ivyo, ibintu vyose vyawe n’ubuzima bwawe vyacunguwe n’amaraso yiwe.

Satani amaze kumenya ko uzi uwo uriwe muri Kristo n’ico ufise muri Kristo, iminsi yiwe yo kugutera ubwoba iba iheze kandi uba winjiye mu bantu badakangwa na Satani!

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora tubgira Satani ko ata bushobozi adufiseko.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *