NI KUBERIKI ?

Cokimwe natwe twese, umwanditsi wa zaburi yagararagaje agahinda afise ko kubona abanyavyaha bamerewe neza!

« Ereg’ abo ni bo banyavyaha: Kandi bama bidibamiye, ubutunzi bgabo buragwira. »(Zaburi 73:12)

Iyo tubona abanyavyaha bama bidibamiye kur’iyi si, n’ubutunzi bgabo bugwira, n’ikimenyetso cerekana ko Imana ikomeza kugirira neza abantu bose, baba abayubaha canke abanyavyaha.

Ariko, ntidukwiriye kubagirira ishari canke kwigana inzira zabo, kuko Imana yanka ububi, n’ibibi vyose.
« Ntukaje mu nzira y’abanyavyaha, Ntukagendere mu nzira y’abanyakibi. »(Imigani 4:14)
Reka ahubwo twigumire twumye ku vyiza.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turinde gukurikira inzira z’abanyavyaha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *