N’IGITANDARA CACU, IGIHOME KIDUKINGIRA

Dawidi agaragaza muri Zaburi ya 31 ko yizeye Imana n’ubutungane bwayo. Imirongo ya 2 na 3 isobanura ico uburinzi bw’Imana buri kuri twebge.

« Umbangire ugutwi, unyaruke unkize: Umbere igitandara gikomeye, inzu y’igihome yo kunkiza. Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkingira: Nuko kubg’ izina ryawe unje imbere, undongore. »(Zaburi 31:2-3)

Muri zaburi, amajambo menshi aragaragaza ubu burinzi: igihome canjye, urutare rwanje, igihome kinkingira, aho nikinga, n’ibindi.
Ninde ashobora kudukorako mu gihe turi mu maboko y’Imana? Ntawe.
Ninde ashobora kubona ubuhungiro bwiza, uburinzi bwiza kuruta uwizigiye Imana, Yo Mushoboravyose? Ntawe.
Muvy’ukuri, ku bakristo, ubuhungiro n’uburinzi biri mw’izina rya Yesu.
Kuva twemeye Yesu nk’umwami n’umukiza, Yesu yinjira mu buzima bwacu akatubamwo.
Rero, duhinduka abanyenkomezi kandi bakomeye kubera ko ari muri twebge.
Niyo mpamvu handitswe muri 1Yohana 4:4 ngo:
« Mweho mur’ abava ku Mana, bana bato, kandi ba bandi mwarabanesheje: kuk’ Uri muri mwebge aruta uri mu b’isi. »
Ivyo, dukwiriye kwama tuvyibuka buri gihe tuba turi mu bibazo no mu ntambara z’ubuzima.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twibuka ko uwuri muri twebge aruta uwuri mw’isi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *