N’IKI GITUMA WIRATA ?

Ntampamvu ufise yo kwiratira ico uri, ico ufise canke ico ushobora gukora.

« Ic’ ufise utahawe n’igiki? Ariko namba waragihawe, n’iki gituma wirata, nk’utagihawe? »(1 Abakorinto 4:7)

Ubuzima, warabuhawe,
Amagara meza, warayahawe,
Itunga ufise, wararihawe,
Ubumenyi n’ubuhinga ufise, warabuhawe,
Umuryango n’abagenzi ufise, warabahawe,
Ineza n’ubwiza abandi bakubonako, warabihawe,
Agakiza ko? Nako nyene waragahawe ku buntu bw’Imana niwaba ugafise.
Ntaco ufise kandi ntaco uri utahawe n’Imana, reka kwirata.
Ibintu vyose n’ubuntu bw’Imana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazosubira kwirata kubera ivyo turi, ivyo dufise n’ivyo dushobora gukora.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *