NINDE AGABA UMUNWA WAWE?

Amajambo s’amajambo gusa, ikigaragara n’uko amajambo aba afise insiguro n’ubukomezi. Bumwe mu bushobozi bukomeye bw’ijambo rivuzwe, n’ubushobozi bwo guhishura akari mu nda y’imitima yacu.
Amajambo yacu arashobora kwerekana uburyo twandujwe kandi twononekajwe n’isi canke uko twahinduwe mu kwishushanya na Yesu Kristo.
Nico gituma Yakobo avuga ati:
« Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa. »(Yakobo 1:26)

Nitwaba tudashobora kugenzura ururimi rwacu kandi amajambo ava mu minwa yacu akaba asa n’isi kuruta nka Kristo, biba bigaragaza ko Koko tukiri ab’isi.

Ariko nitwaba koko turi muri Kristo, turi ivyaremwe bisha, dufise umutima musha kandi tuvuga n’amajambo mashasha atandukanye n’ay’ab’isi bavuga.
« Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »(2 Ab’i Korinto 5:17)
Bishatse kuvuga ko twiyambuye ivya kera tukiyambika bishasha, kandi bumwe mu buryo twiyambura ivya kera n’ukureka kuvuga nka kera.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe kugenzura amajambo yacu no guhagarika kuvuga nk’isi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *