Hari abantu bavuga bati: « Nkunda abankunda kandi nkanka abanyanka, » bakavuga ko ari na ko Imana ivuga muri Bibiliya.
Ariko si co igitabo c’Imigani 8:17 kivuga:
« Nkunda abankunda, kandi abandondera ubudahumeka bazombona. » (Imigani 8:17)
Uyu murongo ntuvuga ko Imana yanka abatayikunda. Ahubwo wigisha ko abayikunda kandi bakayirondera n’umutima wabo wose bagirana na yo ubusabane budasanzwe.
Mu vy’ukuri, Imana yaradukunze tutarayikunda:
« Twebge tugira urukundo, kukw ari yo yabanje kudukunda. » (1 Yohana 4:19)
Ikiruta vyose, Imana yerekanye urukundo rwayo igihe Kristo yadupfira tukiri abanyavyaha:
« Arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha. » (Abaroma 5:8)
Ni co gituma Yesu adutegeka ati:
« Mukunde abansi banyu. » (Matayo 5:44)
Urukundo rw’Imana ntirugarukira ku bayikunda gusa. Kandi ko Imana ari urukundo, abana bayo bahamagarirwa gukunda atari abagenzi babo gusa, ahubwo mbere n’abansi babo.
IGISABISHO:
Mwami, twigishe gukunda nk’uko wadukunze. Uduhe inkomezi zo gukunda mbere n’abatadukunda. Tubisavye mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA.
