NTA KUDUZWA KUTAGIRA IMIBABARO

Yesu yategerezwa kubabazwa muri iyi si imbere yo kwurizwa mw’ijuru, iburyo bwa Se.
Natwe dukwiriye kwemera kubabazwa nitwaba natwe dushaka kuduzwa mu buryo ubw’aribwo bwose.

« Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi. »(Yohana 16:33)

Abantu baradutyoza, baraducira imanza, kwamaganwa, baratubeshera, baratwararaza, baratunegura, n’ibindi.
Mbere n’ubuzima bwacu burashobora guhungabana kugeza n’aho twisanga tudashobora kwibeshaho.
Ariko ni vyiza ko tumenya ko ari ivy’akanya gato, ko ar’igihe runaka.
Dukwiriye rero gukomera, tukahabera intwari, tukanaguma twihambiriye k’uwanesheje isi kugira ngo adushoboze natwe kuyinesha.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe inkomezi n’ubutwari vyo kwihanganira umubabaro uwo ariwo wose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *