NTIDUKWIRIYE KWIHEBURA

«Uhoraho aha Yobu umugisha mu gihe c’amaheruka kuruta ica mbere…» (Yobu 42:12)

Yobu yashikiwe n’ivyago vyinshi bikurikirana, atakaza ivyo yar’afise vyose kandi vy’agaciro kuri we.
Ariko ntiyaretse kwizigira Imana.

Mu mibabaro yiwe, yagumye yizigiye Imana kandi ayigumako. N’igihe atatahura ivyo yariko aracamwo, yagumye yizera Uhoraho.

Igihe ikigeragezo ciwe cahera, Uhoraho Imana yaramweretse ubuntu bwayo.
Yahezagiye imyaka ya nyuma ya Yobu kurusha iya mbere. Ntivyagarukiye ku kumuha ubutunzi bwigwije incuro kabiri ubw’ivyo yar’afise mbere, ahubwo Yobu yabayeho iyindi myaka ijana na mirongo ine. Yabonye abana biwe n’abuzukuru biwe gushika no ku buzukuruza. Hanyuma apfa yisaziye, ageze mu zabukuru.

Inkuru ya Yobu itwibutsa ko, mbere no mu bihe vy’umubabaro ukomeye cane, tudafise imvo yo kwihebura.

Ni ivy’ukuri ko mu gihe duhanganye n’ibigeragezo bikomeye, dushobora gucika intege.
Ariko nimba tuguma twizigiye Imana kandi tuyigumako nk’uko Yobu yabigenjeje, izodushigikira kandi idutabare nk’uko igomba mu bugombe bwayo bwiza kandi butunganye.
Ntizokwigera iduheba, kuko Imana iguma ari iyo kwizigirwa ku bayigumako.

Naho ubuzima bwacu bwosa n’ubusa, bukatubonekera nk’ubutari bwiza kandi butagira icizigiro, Imana irashoboye kubuhindura nk’umurima mwiza wuzuye ubuzima, amabara meza n’akamoto keza.

Iyo turi kumwe n’Imana, ijoro ntiriba iry’ibihe vyose. N’igihe tutabona inzira canke umuti w’ingorane zacu, Imana iguma ari yo isubiza intege, ikaruhura kandi ikagarura icizere ku bayizigira.

Ni co gituma twama dufise imvo yo kwizera no kwizigira, mbere no mu bihe bigoye kuruta ibindi vyose.

Nitugume twizigiye Imana kandi tuyigumeko hagati mu bigeragezo.
Izoduterura, idukomeze kandi iturongore gushika ku gushitswa kw’imigambi yayo myiza ku buzima bwacu.

ISENGESHO
Mwami Mana yacu, dufashe kuguma dufise ivyizigiro no kukugumako mu bihe vyose.
Igihe ibigeragezo biza, komeza ukwizera kwacu kandi usubize bushasha ukwizigira urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe.
Tubisavye mw’izina ridasanzwe ry’Umwami wacu Yesu Kristo.
Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *