NTITUGAPFISHE UBUSA IGIHE CACU !

Umuntu ni nk’umuyaga gusa ugaragara mu gihe gito hanyuma ukazimangana. Nta gukekeranya, iyi si tuyicamwo twihitira kandi ukuyivanwo kwacu ntikuduteguza! Vyongeye kandi, Bibiliya ivuga ko gupfa ari rimwe, hanyuma hakaza urubanza.

“Utwigishe guharura imisi yacu Uburyo butuma dutunga imitima y’ubgenge.”(Zaburi 90:12)

Mu gihe bigishoboka, hatararengerana, reka twiteho ubugombe bw’Imana kandi tuyumvire.
Dufise igihe gito gusa imbere yacu!
Kuki tugipfisha ubusa? Ni ukubera iki duta umwanya wacu mu bitagira akamaro?
Twese tarazi ko ejo hatari mu bubasha bwacu, ko ivy’ejo bibara ab’ejo, ni ah’Imana.
Ntidukwiriye gupfisha ubusa uwundi munota n’umwe! Reka ahobwo twitandukanye n’ivyo isi iriko iraduhendesha n’ibitagira akamaro vyayo! Ahubwo dukoreshe iminsi dusigaje kubaho mu kurondera Umwami no mu gukora ivyiza gusa!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kumenya gukoresha igihe cacu neza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *