NTITUVOGERWA !

Kuva twakira Yesu mu buzima bwacu, tukamwizera nk’Umwami n’Umukiza wacu, twabaye umwe nawe.
Kamere yacu nshasha yaciye ija mu bumwe n’Imana.

Ibi, ni navyo Pawulo yahishuriwe akabibwira abakristo b’iKolosayi ati:
« Mushire imitima ku biri hejuru, ntimuyishire ku biri mw isi. Kuko mwapfuye, kand’ ubugingo bganyu bukaba buhishanijwe na Kristo mu Mana. »(Ab’i Kolosayi 3:2-3)

Imana yaduhishije muri yo, biciye muri Kristo, kuko turi muri Kristo, Kristo nawe akaba ari mu Mana.
« Mur’ aba Kristo, Kristo n’uw’ Imana. »(1 Ab’i Korinto 3:23)

Ibi rero bisigura ko, nimba turi muri Kristo, turi mu Mana; aho turi, ntihavogerwa kuko nta kibi cohagera. Uku n’ukuri Satani adashaka ko tukumenya kuko yifuza ko tutizera ubu bumwe n’Imana butuma tugira ubudahangarwa n’ubutavogerwa, kugira duhorane ubgoba, nawe ahore aduhungabanya.
Tutikuye mu bwihisho turimwo, mu Mana, Satani nta bushobozi yotugirako kuko ntiyokwubahuka no kwegera Imana duhishemwo.
Imana idufashe kuvyumva no kuvyiyumvamwo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dufashe kwumva ubgiru bg’ubudahangarwa n’ubutavogerwa bituruka ku bumwe dufitaniye nawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *