NTIWISUZUGURE !

Kenshi, turisuzugura ubgacu, gusa kuberako tuba twirengagije ubushobozi Imana yaduhaye.
Yamara, IMANA iba ishaka ko tubukoresha.

Nk’akarorero, reka tuvuge uko vyagendeye Gideyoni, yari yatinye kuja mu butumwa bw’Imana bgo kubohoza Isiraheli kubera yari yisuzuguye, agira ati:
« Inzu yacu kw ar’ iyo hasi mu muryango wa Manase, nanje nkaba nd’ umuhererezi kwa data! »(Abacamanza 6:15)

IMANA yari imubwiye iti:
« Genda ukw izo nkomezi zawe zingana, ukize Abisirayeli ubakure mu maboko y’Abamidiyani: ni jewe ubganje ngutumye. »(Abacamanza 6:14)

Gideyoni yogereranywa hano na buri mwana w’Imana, Abamidiyani nabo n’umwansi canke ibigeragezo vyose.
Kuva twakira Yesu mu buzima bgacu kandi tukamwemera nk’Umwami n’Umukiza wacu, twamwakiranye n’ubushobozi bwose bukenewe, n’inkomezi zose zikenewe kugirango duhangane n’umwansi canke n’ikigeragezo ico ari co cose.
Ntampamvu rero yo kwisuzugura kuko turi kumwe na Yesu, tuba dufise vyose kandi « muri vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. »(Abaroma 8:37)

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira kwisuzugura ubgacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *